Mbega u Burundi Buzokugwa Mukaga na Nde?

Hari benshi bibaza ico kibazo haba mubaba mugihugu hagati canke hanze yigihugu.Umugambwe IRP, ( Independent Revolution Party) urongowe n’umushingantahe Lievin Manisha, waripfuje kugira ico uvuze kurico kibazo cameze nkakananira bahinga. Mukwishura ico kibazo twifuje guhishura amabanga amwamwe atazwi na bose canke afatwa minenegwe nabo yahishuriwe. Ibanga ryambere mukwishura ico kibazo rikaba atari irindi, a Barundi twibuke ko Imana ari mushobora vyose kandi u Burundi ariyo yaburemye ikongera ikanabushikiriza abana bayo, abo nabo sabandi, na Barundi bose kandi bo mubwoko bwose. Ibanga rya kabiri naryo rikaba riherekeza iryo ryambere. A Barundi bose hamwe dusabwa kuja hamwe tukagwanira agateka kacu, igihugu cacu, twisunze amabwirizwa y’Imana. Muri ayo mabwirizwa nayo hakaba hari iriruta ayandi: GUSENGA IMANA IMWE RUDENDE. Uti kuki twifuje ko twogendera iryo bwirizwa?

A Barundi benshi twasanze twaranyereye kuvakera gushira ivyizero vyacu kubantu na cane cane abadutwaye kuva kera gushika n’uno munsi. Twarabagize ibigigwa mana vyacu maze nabo bigira ibimana vyacu. Ivyo vyabonekeye canke bibonekera mu banyagihugu isinzi bemera gucishwa buhuni na buhoro na kagwi gato kabantu bitwa ngo nabayobozi. Barundi Barundikazi nimuve ibuzimu muje ibuntu, nta muntu yaremewe gusengwa nukuninahazwa. Ivyononekara vyononekara twese turaba eka mbere dutarika imbere yabo badufatiye amaboko imugongo. Twagira tubibutse ko Imana vyayinaniye kwihangana kanatsinda ngo n’Imana yishari. Ivyo bigigwamana bigiye gucibwa guhera kuwatanguje kuyovya a Barundi kuva bukiremwa gushika kuwubupfukamye munda ubu, uyo nawe ni Nkurunziza. Muti mbega bizogenda gute?

Umugambwe IRP n’uwuwurongoye Lievin Manisha basaba ugwaruka rwose guhaguruka rukiyunga kugira twitegurire gushitsa ivya hishuwe N’Imana ya Barundi kandi y’ Isi ni Juru. Hari benshi baca bibaza uburyo bizocamwo, ninaco gituma twashaka tubibacire kumayange:
Igikorwa c’Imana ntigisaba uburyo canke amahera, ahubwo gisaba kwemera no kwitanga. Imana ifise uburyo burengeye ubwenge bw’umuntu. Rwaruka eka namwe bakurambere mwipfuza ko twokwibohora kugira twishire kandi twizane mugihugu cacu, umugambwe IRP urasubiye kubasaba ngo mutekane, maze murahire indahiro ko hageze ko mwitanga kubw’Igihugu cacu n’Imana yacu kuko nayo yamaze kutwemerera ko izotuyubora ikongera ikanadushigikira muburyo no mukuturongora murico gikorwa.

Igice c’akabiri caka kamo mubandanye kucitegurira no kugikurikirana kuri website y’umugambwe IRP: www.irpburundi.com
Murakoze kandi Imana ihabwe icubahiro!!!

UMUKURU W’UMUGAMBWE IRP: Lievin Manisha

share...Share on Facebook0Pin on Pinterest0Tweet about this on TwitterShare on Google+0Share on LinkedIn0Email this to someoneShare on Tumblr0Print this page
Profile photo of Lievin Manisha

Written by 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *